Images spectaculaires du feu au marché central de Bujumbura

Ce diaporama nécessite JavaScript.

Images de Jean Claude Nahayo via Facebook

22 commentaires sur “Images spectaculaires du feu au marché central de Bujumbura

  1. Innalillah wa inna ilahi radj-wuuna.pole ndungu zangu warundi kwa kuwunguliwa na soko kuu,nakufiwa mali zenu,mmtegemeye Allah,atawarudishiya kile mlicho poteza.Poleni sana ndungu zangu pole sana Burundi

  2. Nukuru ivyashitse nagahomamunwa natura tuziko mubintuvyinshi vyari marino isoko beshi mukubironka wasanga bikoze kumanki.Ariko mwihangane Imana ibafashe kmwihangane .Hanyuma barundi iconobibutsa muraziko amatora arihafi nukuzamuraba ababahafi mubihe muba mubakeneye atakuraba nkunzi

  3. Ni agahomera munwa. Nibaze ko abategetsi bazokora ibishoboka kugira ivyabaye ntibisongere isibe na rirya abanyagihugu basanzwe bugarijwe n’ubukene butagira izina. Tubihereze umukama!

  4. Biteye ubwoba ivyo bintu!!!
    Nibaza ko amatohoza y’ivyashikiye iryo soko atazomera nk’ayandi yama aherera mu muyaga parce que je ne crois pas que ce marche a ete brule par une simple incendie.
    Mbe ko mbona kizimya moto portant le chiffre 2 au Burundi dufise bibiri gusa? nimba hari bibiri ikindi kiri he? kandi nibaza yuko hari vyinshi kubera nasize uburundi bwararonse imfishanyo y’izo modoka.

  5. nfadikanije umubabaro n’abo bose batakaje umutungo wabo muri iyo soko nkuru y’i gihugu cacu!tutiyibagije ko ari igihugu coose gitakaje umutungo(économie).
    Tufatane mu nda muri ibi bihe bitoroshe.
    Mugabo rero,Leta mu migambi yayo yo gukingira uburundi n’ababubamwo,bakwiye kwiyumvira no gukingira ivyabo!Nk’uko mbonye uko vyagenze,habuze ba bahinga bo kuzimya umuriro!!!ibintu ntivyari kuyangara uko vyabaye.Twikangure.

  6. Ni ukuri birateye isoni kubona isoko isha igahera ku murango izuba ryaka. Turasavye batubarize abajajwe gukinga impanuka ico bakoze kuko mu bisanzwe kizimya mwoto zibwirizwa kwama ziteguwe umwanya wose amazi yuzuye kandi bazi ko zishobora kuyasohora ariko niyo bazanye amazi yanse gusohoka ni akamaramaza. Birya indege yi Rwanda yaje gukora ataco bikikiza hélicoptère zacu zari kubikora kandi bigikenewe ariko habuze abafata iyo ngingo canke ababona ibikenewe hakiri kare.Umengo turi mu gihugu kitagira itegekenywa ry’impanuka.Turasavye abafise uruhara bose muvyabaye n’abatakoze ivyo bategerezwa babibazwe kandi bidatevye kuko dukeneye abakora umwanya wose na cane cane iyo bikenewe ntidukaneye abarya bakaryama umukondorazosi. Ababwirwa nibumve kuko amazi yarenze inkombe!

  7. Nivyo, birababaje cane. Ariko kubizera Imana kandi batahura ingene Ihishura amabanga, Imana yari yarabihishuriye Abasenzi benshi, kandi n’abadandaza benshi bari babizi ko hazoba ikintu gikomeye kandi kizotangaza benshi, uretse ko atawarazi umunsi bizoberako. Nk’umwe mu bari barumvise ubwo buvugishwa ndi mu masengesho, nagomba kubwira abahomvye n’abandi bose ko ata kintu nka kiriya gishobora kuba Imana itakirekuye kuko ishobora vyose. Ahubwo abo bantu baja kurangura i Dubai n’ahandi ibintu bidahezagiye ni bikebuke, n’abo mu yandi masoko nabo nyene; kuko Imana ibabazwa n’abaja i kuzimu kuzana ivyo bita « itunga » kandi riba rivuye kwa shetani. N’ikibabaje cane n’uko bamwe mu bahora bakorera Imana babivuyemwo bagakurikira izo nzira. Abahomvye babikuye mu nzira nziza, bazoshumbushwa; nawe wibaze umuriro bajimije iminsi 2 yose ukananirana. N’abariko barawuzimya vyarabatangaje! Iki ni kibe ikigisho maze twige kwubaha Imana Umuremyi wacu!

  8. Imana niyo nkuru ishumbusha abantu bose babuze ivyabo.Niko birababaje cane nta muntu afise amutima atobabazwa nivyaraye bibay.twizereko leta izokora ibishoboka vyose ifashe abagze ingorane

  9. nukuri uravye ivyashikiy benewacu bakorera mwisoko ya bujumbura birateye agahinda .hasigaye ah imana gusa kuko simbona uko bagiye kubaho nariry bari bafise amadeni muma bank

  10. Le Gnl Fabien Ndayishimiye dans son point de presse mercredi l, avait bien dit que le Burundi dans l’etat actuel ne peut pas etre face à des catastrophes de grande envergure.
    Il a raiso n et je pense que le gouvernement va agir.

  11. Barundi ibi bitwigishe kandi dukwiye gukanura tukaraba neza kuko ndabona ko bitanguye kare.hama mwihangane imana izokwerekana uwo mubisha bidatevye mfise ivyizigiro.

  12. Frères et soeurs burundais,ne perdez pas courage plutot soyew unis dans ce moments de dures épreuve.ngatera akamo abaturongoye koboshigikira abo batwara ntibabatane ingorane barimwo.kobikwitaho gukingira abobatwara ibiyangara bitarayangara.badandaza musigaye ntimwikinge mukiza ngomuduze ibiciro

  13. Nukuri, nukuri ndifatikanije n’abo bose babuze ivyabo arivyo vyacu kuko n’itunga ry’igihugu cose. Kimwe novuga ngaho, n’uko Imana Yonyene, Yo yaduhaye ubuzima, Ikaduha n’ivyo vyose twaraye tubuze Ariyo izotwongera ibindi mu kwizera kwacu. Ubuzima n’ikintu gihambaye cane kubera iki ivyo bindi Itobiduha kandi????????? Ndizeye ko abo bose batakaje Uhoraho Azobashumbusha kumwe yagirira Job. Amen!

  14. HA! CE QUI S’EST PASSE EST INCOMPREHENSIBLE! NKIVYUMVA NIBAJIJE KO NDOKO NDAROTA. UMUNYAGIHUGU WA MURI NYAKABIGA YAHISHIJE INZU 2 JOURS AVANT NTIYATABAWE KANDI YARI YATEYE AKAMO KO ABAJEJWE GUKINGA IMPANUKA BAKWAMA BITEGUYE MAIS NTIBAVYUMVISE. BARUNDI BENEWACU, KANURE TUBONE TUMENYE GUTEGEKANYA!

  15. Barundi benewacu, harageze ko tuvahasi tukabona uko dutwawe kuko irya soko tureke guta umwikomo kuri polisi ijejwe gukinga impanuka naho bari kugira kizimya mwoto nka 40 ntayo barigushobora kuzimya barundi kandi nama camion yabo akoreshwa na leta, gusa hakwiye kubaho enquête yo kurondera icatumye irya soko isha kuko birateye agahinda.

  16. Ariko muravye uko isoko yahiye, aho ntimubona ko yaturiwe? ibaze namwe dans 10min isoko yose imaze kwaka muzi uko yari yubatswe, raba ingene yahiye gushika naho ivyuma bisha bigatokombera, ciment yoyo yacitse ifu, none aho ntimwunva ko biteye amakenga? Leta nishikirize abarundi vyihuta icatumye isoko isha abafise uruhara bose atakuraba nkunzi bose bafatwe

Répondre à Ahish Abdl malik Annuler la réponse.